ICO News

Xi Jinping yabonanye na Henry Kissinger mu gihe US iriko irarondera kunagura ubucuti na China – BBC


Insiguro y’isanamu,

Aha Kissinger yari i Beijing mu 2019

Prezida w’Ubushinwa Xi Jinping yabonanye n’uwahoze ari umu diplomate wo mu rwego rwo hejuru Henry Kissinger, mu gihe Reta zunze Ubumwe za Amerika zibandanya gusukamwo mabisi mu migenderanire bafitaniye n’Ubushinwa.

Urugendo rwa Kissinger rutunguranye ku mugwa mukuru w’Ubushinwa rubaye mu gihe hari ingendo z’urutavanako z’abategetsi ba Amerika muri ico gihugu.

Uwo yahoze ari umunyamabanga wa reta ubu afise imyaka 100, yaragize uruhara runini mu gufasha Ubushinwa kuva mu kato bwarimwo mu myaka ya 1970.

Amerika yavuze ko yagize urwo rugendo nk’umunyamerika ku gatwe kiwe.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.