- Umwanditsi, By Will Vernon
- Igikorwa, BBC News, Moscow
-
Umurusiya aharanira uburenganzira yahishuye ido n’ido ry’ahahambwa abacangero ba Wagner bagwa muri Ukraine yahunze Uburusiya.
Vitaly Votanovsky, yatanguye gukora amatohoza ku basirikare b’Uburusiya bwagwa muri Ukraine mu gukurikirana imva mu ntara yiwe y’amavukiro, yahunze igihugu itariki 4 ukwezi kwa Ndamukiza (4) inyuma yo kuronka ubutumwa bwinshi bwo kwicwa.
Yavuganye na BBC ari ku murwa mukuru wa Armenia, Yerevan.
Mu mwaka uheze, Vitaly yahimbarije isabukuru yiwe y’amavuko ya 50 mu gasho.
Uwo aharanira uburenganzira, aturuka mu ntara ya Krasnodar mu bumanuko bw’Uburusiya, yarafashwe arapfungwa ku wa 24 Ruhuhuma (2) mu 2022, umunsi Uburusiya butangura igitero kuri Ukraine.
Uwo yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c‘Ubususiya yari yagize imyiyerekano mu mwambaro uriko amajambo ngo ‘’ Oya kuri Putin!’’ na ‘’Oya ku ntambara!’’
Amafoto ya Vitaly yambaye uwo mwambaro ari mu nyandiko za sentare VItaly yeretse BBC.
‘’Kuberaa iyo koti, naciye mpfungwa iminsi 20’’ niko avuga.
Muri Krasnodar, Vitaly arazwi, atari ukubera imyiyerekano, ahubwo kubera gutohoza ku mva.
Yabaye umuntu wa mbere yatoye akaburi ubu gasigaye kazwi mu kigwati gito ca Bakinskaya mu ntara ya Krasnodor, kuva ico gihe gasigaye kazwi nk’akaburi ka Wagner.
Aho niho uwo mugwi wabaye rurangiranwa mu kuba ruburakigongwe uhamba abantu bawo baguye muri Ukraine- abagabo batagira ababo canke abo ibiziga bitaba vyaronse ababisaba.
Ubu ako kaburi karagutse cane kare kahora ari gatoya k’ikigwati gusa, ubu kakaba karimwo uduce twinshi dushasha two guhambamwo igitigiri c’abapfa kiguma congerekana.
Ubu abacungera umutekano baguma bahakora amarondo.
Ku wa kane, umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin yaragendeye ako kaburi ko muri Bakinskaya hanyuma avuga ko ashaka kukagira icibutso ‘’ku runganwe rwa kazoza’’.
Umukuru w’uwo mugwi w’abacangero yeremeye ko ako kaburi ubu kagutse, yongerako ati ‘’ubuzima n’uko bumeze’’.
Vitaly yatanguye kuja mu ntara ya Krasnodar mu kwezi kwa gatanu mu 2022, agenda arihweza imva imwe imwe kugira yandike ibitigiri vy’abaguye ku rugamba.
Avuga ati: ‘’Nari nkeneye kwereka abantu ko hari akaga kariko karaba, ko abantu bariko barapfa ngaha, hafi y’abo.
‘’Nari nkeneye kwereka abantu ko intambara izogira ingaruka kuri buri wese no kuri buri kintu cose.’’
Yarafashe umwanya arandika amazina n’utundi tuntu twose two ku mva yabonye.
Gushika ahunge muri uku kwezi, yari amaze gutororokanya amazina arenga 13.000 – agizwe n’abapfuye baturuka mu ntara ya Krasnodar gusa.
Vitaly yaratandukanije imva z’abantu baguye mu ntambara – n’izo abantu bapfuye mu buryo busanzwe – mu kubaza abantu baho, hamwe no mu kwiga ingori z’amashurwe n’amafoto ari kuri izo mva.
Muri Kigarama mu 2022, uwo mugabo yaragiye i Bakinskaya gufata amafoto y’imva z’abasirikare bo mu ngabo z’igihugu.
Ariko igihe yari ngaho, abakozi bo ku kaburi babwiye Vitaly n’uwo bakorana ko bariko barahamba abacangero ba Wagner baguye ku rugamba.
‘’Igihe twari tuhari, hari hasanzwe imva 48 z’aba-Wagner. Hanyuma dusubiyeyo, haheze iminsi mike, hari imva 95. Hanyuma 164. Hanyuma hafi 270.’’ niko avuga.
Vitaly yagumye asubirayo guharura ibitigiri no kwandika amazina y’abapfuye. Nabajije Vitaly niba yaramenya abo bantu abo ari bo. Yambwiye ati: ‘’Vyaragaragara ko ari abari bapfunzwe n’ivyaha hamwe n’abacangero.’’
‘’Barondewe mu mabohero. Abamenyeshamakuru bararavye ayo mazina baratora icari catumye bajanwa mw’ibohero.’’
Ariko ico Vitaly ntiyashaka gusa kumenya igitigiri c’ abagwanyi ba Wagner bahambwe mu kaburi ka Bakinskaya.
Yakomeje guharura n’abasirikare bose bahambwe mu buburi bwo mu ntara yose ya Krasnodar. Kandi ivyo yabonye vyaramushegeshe.
Avuga ati: ‘’Ikiri ukuri ni uko, kuva muri Kigarama (12) mu 2022, abo Uburusiya butakaza ku rugamba bigwije incuro nyinshi,’’ aho akavuga ibiharuro yegeranije muri Krasnodor.
‘’Muri make ibiharuro vy’abapfa vyaraduze cane. Kandi ubu vuba, imva zahambwemwo abasirikare n’abandi bagwanyi ba Wagnner gusa. Harimwo bake cane [mu basirikare babigize umwuga].’’
Ibigo vyinshi vy’igendereza vyo mu bihugu vy’iburengerazuba bivuga ko igisirikare c’Uburusiya ingabo ziriko zirakiganukana.
Mu mwaka uheze, prezida Putin yaratumyeko igice c’ingabo z’integabizoza mu Burusiya – abagabo ibihumbi n’ibihumbi barinjijwe mu ngabo baca barungikwa ku rugamba muri Ukraine.
Igitigiri ca nyuma c’abagwa ku rugamba catanzwe n’igisirikare c’Uburusiya ni ico mu kwezi kw’icenda mu 2022 , igihe umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu yavuga ko muri Ukraine hari hamaze kugwayo abasirikare 5.937.
Ibiharuro bigereranywa biratandukanye, ariko benshi mu bategetsi ba Amerika na Buraya bavuga ko Uburusiya bumaze kubura abasirikare barenga 60.000.
Vitaly yatanguye kuronka ubutumwa bw’iterabwoba haraheze amezi menshi.
‘’Napfuye gutangura gusohora ubwa mbere ivyerekeye imva, ubutumwa buca buratangura kuza. Bwinshi cane.
Narabanje nkaja ndabwimura ndabubika, ariko bwarabaye bwinshi gushika aho nduha nkabiheba.
’Tuzokwica, tuzokuniga.’
‘’Mu kwezi kwa mbere, hari n’umuntu yaterefonye ambarira ko ashaka kumpa ‘ikibanza muri ako kaburi,’’nk’uko Vitaly abisigura.
‘’Bene uko guhamagara kwabaye gatatu – nahamagawe kabiri, irya gatatu umushoferi wanje.’’
BBC yeretswe kopi z’ubutumwa bwo kwicwa hamwe n’amajwi y’abahamagaye kuri terefone.
Muri ayo majwi, umugabo yamenyekanye ahisha iryo terabwoba nk’uko hoba hahamagaye kompanyi igurisha ibibanza vy’imva n’amasandugu yo guhambamwo.
Yarashimitse ata kinya avuga ngo: ‘’Ubu harageze ko wiyumvira amaherezo y’ubuzima bwawe.’’
Vitaly avuga ko agasunuzo kabaye ku ndwi iheze.
‘’Nariko ndaca impande y’igituro c’igiporisi muri Krasnodar hanyuma umuporisi [aramenya]. Yavuze ati ‘Uraba hafi. Biri mu nzira.’ Aho yavuga ico reta izokora ku biganiro nariko ndatanga. Baja bafise ibikwiye kugira banyugururize urubanza rukomeye rw’ivyaha.’’
Vitaly yaciye atorokera muri Armenia, ubu akaba afise umugambi wo kurondera ubuhungiro bwa poritike mu Budagi.
Nabajije Vitaly igituma abategetsi badashaka abantu nka we basohora amakuru kuri Wagner no ku ngabo z’Uburusiya zigwa muri Ukraine.
‘’Kuri reta yacu, ibi ni ibiharuro biteye ubwoba’’, uko Vitaly avuga,’’ kandi Abarusiya ntibazi ibitigiri vy’ukuri. Nshaka kwereka abantu urugero rw’ukuri rw’ako kaga.
‘’Hamwe abantu bomenya ibitigiri vy’ukuri vy’abagwa ku rugamba, bota umutwe.’’