- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Abantu indwi barashwe, babiri muri bo barapfa mu gitero cabaye mu gihe hariko haba ibirori vyo gutanga impapuro z’umutsindo kw’ishure ryisumbuye rya Richmond muri Virginia.
Iki gitero cabereye hanze y’inzu y’ibirori Atria Theater catumye abanyeshure bari bambaye amakanzu y’ibi birori bata bariruka kugira barokore ubuzima, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.
Abarongoye iri shure bavuga ko iki gitero c’inkoho cabaye mu gihe hariko haba ibirori vy’ishure ryisumbuye rya Huguenot High School.
Ibindi birori vyo gutanga impapuro z’umutsindo vyari bitegekanijwe ejo ku wa kane vyaciye vyunguruzwa, ivyigwa navyo birahagarikwa kuri uno wa gatatu.
Abishwe ni umusore w’imyaka 18 yari mu baronka urupapuro rw’umutsindo hamwe na se wiwe w’imyaka 36. Igipolisi ntikirashira ahabona imyidondoro yabo.
Umuntu w’imyaka 19 yikekwa ko ari we yakoze iki igitero yahagaritswe ubu akaba ari mu gasho, nk’uko bivugwa n’umukuru mfatakibanza w’igipolisi ca Richmond Rick Edwards. Avuga ko igipolisi cemeza ko yari azi nibura umwe muri aba bapfuye.
Uwundi muntu yari afise inkoho yabanje gufatwa, ariko ubu igipolisi kibona ko ata ruhara yagize muri ico gitero.
Iki gitero c’inkoho cabereye mu kibanza c’iruhukiro Monroe Park ibirori bimaze kurangira kuri kaminuza ya Virginia Commonwealth University.
Ari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umukuru w’igisagara ca Richmond Levar Stoney yabajije ati: “None ubu nta kintu kicubahwa?
“Umwana ategerezwa kuronka uburenganzira bwo kwitaba ibirori vyo gutanga impapuro z’umutsindo kandi akidagadura mu kwigina intambwe ari kumwe n’incuti n’imiryango”.
Mu butumwa bwo kugabisha bwahawe abanyeshure ejo ku wa kabiri, iyi kaminuza yavuze ko igipolisi cari camaze gushika ahabereye iki gitero.
Ubu butumwa buvuga buti: “Nta nzu iriko irasha ku banyagihugu, ariko hari igipolisi cinshi kuri Monroe Park”.
Edwards yongeyeko y’uko abapolisi batatu bari mu karuhuko bariko barakorera muri ico kibanza, indwi bandi bakaba barungitswe hanze yaco kugira ngo bahagararire uruja n’uruza igihe iki gitero caba.
Avuga ko kw’isaha cumi n’imwe n’iminota 13 z’umugoroba mu masaha y’aho, igipolisi cari muri iyo nyubakwa kimenyesha ko cumvise amasasu hanze.
Avuga ko hampande y’abantu batanu bakomerekejwe n’amasasu bukebuke, abantu babiri bahasize ubuzima, nayo umwana w’umukobwa w’imyaka icenda akaba “yagonzwe n’imodoka muri kano kavuyo”.
Umuyobozi w’amashure ya reta yo muri Richmond Jason Kamras yavuze ko iki gitero cabaye ku musi “wafatwa nk’uw’umunezero aho abana bacu bariko barahabwa impapuro z’umutsindo”.
Abandanya ati: “Nta majambo mfise novuga kuri ibi, gusa ndarushe no kwama mbona abantu baraswa, abana bacu baraswa, nkaba nsaba abanyagihugu bose ko ibi bintu vyohagarara”.