- Umwanditsi, Geeta Pandey
- Igikorwa, BBC News, Delhi
Akunda ivyo kurya vy’Abahindi kandi muri video zahererekanijwe n’abavyeyi biwe agaragara afise akanyamuneza bari kumwe.
Ariko umwana M, w’imyaka ibiri n’inusu, ubu ari mu kigo c’abana bakeneye kwitabwaho mu buryo budasanzwe hafi y’igisagara ca Berlin mu Budagi, nk’uko nyina wiwe abivuga.
Ico gitambambuga ubu cateye ikibazo mu migenderanire y’Ubuhindi n’Ubudagi kuva aho yakiwe umuryango wiwe w’Abahindi ku birego vyo guhohotera umwana mu kwezi kwa Nyakanga (9) mu 2021 – ico gihe yari afise amezi indwi yonyene.
Muri Ruheshi (6) uyu mwaka, sentare yo mu Budagi yavanyeho uburenganzira bw’ubuvyeyi kuri Dia n’umugabo wiwe Amit – ntidukoresheje amazina yabo bwite ku mvo z’amategeko – hanyuma kurera uwo mwana bishingwa Jugendamt, ibiro vy’imibereho myiza y’abana mu Budagi. Sentare yanse kandi ivyasabwe n’abavyeyi b’umwana ko yotahanwa mu Buhindi. Abavyeyi bavuze ko ari ”akamaramaza k’urubanza” baca barunguruza.
Dia, ubu ari i Delhi kurondera abamushigikira muri urwo rugamba rwiwe rwo kugarukana umwana mu Buhindi, yaradutse ararira igihe yariko aravugana na BBC kuri uko gutandukana n’umukobwa wiwe.
Uwo muryango wimukiye i Berlin mu 2018 igihe Amit yaharonka akazi, nawe umwana M avuka ku wa 2 Ruhuhuma (2) mu 2021.
Ku bw’inyandiko za sentare, impari hagati y’uwo muryango n’abategetsi zishingiye ku gukomereka mu bice vy’igitsina uwo mwana yagize agifise amezi indwi. Umwe mu baganga yavuze ko batari ”bwigere babona ugukomereka bigeze aho mu bice vy’igitsina ku mwana” kandi ko yari akeneye gukorwa [kubagwa] kugira aho yakomeretse havurwe.
Inzego zijejwe gukingira umwana zaciye zimutwara zivuga ko zikeka ko yakorewe ihohoterwa – ikirego uwo muryango uhakana. Ibitaro yavuriwemwo mu nyuma vyarabakuyeko iceyi, abaganga bakaba bavuze ko ”ata vyemeza” ko habaye ihohoterwa ry’igitsina hanyuma igiporisi kirugara iyo dosiye ata birego gitanze.
Abavyeyi bavuga ko bibaza ko umwana yakomeretse vy’impanuka. Abaganga babiri bigenga bo muri Amerika no mu Buhindi bihweje inyandiko zo kwa muganga z’uwo mwana nabo bemeranya n’ivyo aba mbere bashitseko.
”Ugukomereka bishoboka cane ko kwaturutse kw’isanganya. Ntavyari gushoboka ko abavyeyi bari kuba bakomerekeje uwo mwana n’ibigirankana bisubiriza hanyuma ngo bamunyarukane kwa muganga,” niko bavuze mu cegeranyo barungitse muri sentare. Bavuga ko bemera ko ”aho yakomeretse hashobora kuba hasonzwe n’ibipimo vynshi” yakorewe.
Ariko abategetsi bajejwe gukingira abana bavuze ko batibaza ko umwana M yari kuba atekaniwe i muhira – ico bakaba bagihurijeko na sentare.
Ni uko rero ubu amaze hafi imyaka ibiri arezwe n’abandi [atari abavyeyi biwe], kandi abavyeyi biwe bavuga ko badahabwa cane umwanya wo kuvugana na we – n’ubwo abakozi b’imibano bashinzwe uwo muryango bavuze ko ari abavyeyi ”b’urukundo kandi bitaho” bakavuga kandi ko ingene ”umwana avugana na bo ari vyiza, birimwo akanyamuneza kandi vy’amatsiko”. Umuhinga mu vy’inyifato yashizweho na sentare nawe yatanze inama ko umwe mu bavyeyi yobana n’umwana M mu kigo gihuza umuvyeyi n’umwana gicungerewe n’uwukora muri co.
Ariko ku ndwi iheze, Jugendamt yamenyesheje abavyeyi ko kuja kuramutsa umukobwa wabo bihagaritswe kuko atagira uwumuzana n’uwumusubiza inyuma, nk’uko bivugwa na Dia, yemeza ko batemerewe no guhamagara uwo mwana kuri video.
Ati: ”Nta makuru dufise w’uwumwitaho kuva avanywe mu muryango wari wahawe kumurera akajanwa mu kigo c’abana bakeneye kwitabwaho bidasanzwe. Ibinyegezwa ku mwana wacu ntivyumvikana.”
Dia yagiriza abategetsi b’Ubudagi ”kunshikura umwana kubera ukudahuza imico no kudashobora kwumvikana”, avuga ko adashobora kuvuga ururimi rw’ikidagi nawe uwuhindura indimi yahawe akaba yari azi ururimi rw’igihindi ariko atumva ururimi iki-Gujarati [ururimi rwo mu ntara ya Gujarat]. BBC yararondeye Jugendamt kandi inyishu yabo irarindiriwe.
Ivyerekeye umwana M biritaweho cane mu Buhindi no mu Budagi – imyiyerekano yarabaye mu bisagara vyinshi vyo mu Buhindi yongera ikorwa n’Abahindi baba i Frankfurt na Darmstadt kandi abo bavyeyi bararonse ababashigikira.
I Delhi, Dia yarahawe umubonano n’abo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire yongera abonana n’abashingamateka benshi barungikiye ikete uwuhagarariye Ubudagi, Philipp Ackerman, basaba ko uwo mwana yotahanwa mu Buhindi.
Umwe mu bashingamateka yasavye reta gukora ibishoboka vyose ngo uwo mwana agarukanwe. Uwundi munyaporitike yasavye umushikiranganji wa mbere Narendra Modi kuvugana ico kibazo n’umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Olaf Scholz igihe azoba ari i Delhi mu kwezi kuza mu nama y’umugwi G-20.
Dia nawe ubu yarituye umushikiranganji wa mbere amusaba kugira ico akoze. Avuga ati: ”Ubu umwizero wanje wose uhagaze kuri Modi. Hamwe yogira ico akoze, umukobwa wanje yogaruka”.
Impari ku mwana M zibukije izindi nk’izo zo mu 2011, igihe abana babiri b’Abahindi bakwa abavyeyi babo muri Norvège. Mu nyuma bahavuye basubizwa mu Buhindi inyuma y’umwaka umwe.
Suranya Aiyar, yahoze ari umushingwamanza akaba n’uwuharanira uburenganzira yafashije uwo muryango w’Abahindi muri Norvège, ubu naho akaba ariko arafasha abavyeyi b’umwana M, avuga ko bene izi manza atari ubwa mbere zishika.
Ati: ”Ni ikibazo gikomeye. Bafata ko ari inyishu nziza cane, kandi idakeneye kongera kuganirwako.”
Uruhara rwa Jugendamt muri izo mpari z’imiryango ituruka mu bindi bihugu rwaraneguwe kandi n’inama nshingamateka ya Buraya. Mu cegeranyo co mu 2018 gikaze cane, inama nshingamateka ya Buraya yagirije urwo rwego ikumira, kurenganya abana b’abimukira, hamwe no kubangamira uburenganzira bw’abavyeyi n’abana rutwara.
Mu cegeranyo gishasha co mu kwezi kwa Rusama (5), inama nshingamateka ya Buraya yavuze ko umugwi wayo wakira imyidogo, n’ubu uguma uronka abantu bitwarira Jugendamt.
Ivuga iti: ”Uruhara n’ibikorwa vy’inzego zijejwe ineza y’abana kenshi bibonwa nk’ibirenga aho vyategerezwa kugarukira… Abavyeyi baturuka mu bindi bihugu babona ko badafatwa kumwe bagereranije n’abavyeyi b’Abadagi.”
Inyishu nziza kurusha izindi muri ivyo bihe, ku bwa Madame Aiyar, yoba ko reta itanga abakozi b’imibano bofasha imiryango kurera abana babo.
Ku vyerekeye umwana M, uko avuga, inyishu yonyene ishoboka n’uko reta yovyinjiramwo.
”Umwana nta kibi yakoze. Ni bamureke asubire mu Buhindi. Ni umwenegihugu w’Ubuhindi kandi afise uburenganzira bwose bwo kuba ari muri ico gihugu.”
Reta y’Ubuhindi ivuga ko ivy’uwo mwana biri mu bishirwa imbere cane mu gukurikiranwa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire Arindam Bagchi yavuze mu minsi iheze ko ”bahamagaje uwuserukira Ubudagi” kugira bamushikirize umwitwarariko w’Ubuhindi.
Yavuze ati: ”Twarasavye ko uwo mwana yogarukanwa mu Buhindi vuba hashobobka kandi tuzokomeza gushira igitutu ku Budagi kuri ico kibazo”, nk’uko yongeyeko.
Umuvugizi w’ubuserukizi bw’Ubudagi i Delhi yaranse kugira ico avuze ku vyerekeye dosiye y’uwo mwana. Ariko amasoko yo muri reta avuga ko ikibazo kiri muri sentare kitari mu minwe yayo, ikongerako ko iriko irakorana na reta y’Ubuhindi kugira hatorwe inyishu.
Abategetsi b’Ubuhindi bavuga ko baronse umuryango mu ntara ya Gujarat – intara yo mu burengero bw’Ubuhindi uwo muryango uturukamwo – aho uwo mwana M ashobora kurerwa n’abandi.
Kiran Aggarwal, umuganga wa reta avura abana akaba yigeze kuba ari mu rwwego rw’ineza y’abana mu ntara ya Delhi, avuga ko uwo mwana atoba kumwe n’abavyeyi biwe.
”Ubuhindi bufise amategeko akomeye yo gukingira abana kandi hamwe sentare zo mu Budagi zomurungika [uwo mwana], yokwitabwaho mu Buhindi,” nk’uko avuga.
Uko iminsi ihera, Dia avuga ko buri munsi wongera agahinda ko ariko aratakaza umwana wiwe buhoro buhoro.
”Ntashobora kwiga ururimi rw’abavyeyi biwe, iki-Gujarati. Avuga ikidagi conyene, none nzoshobora kumuvugisha gute?” aribaza.
Uwo muryango urahanzwe kandi no kuriha miriyoni 9 z’ama rupi (rupee, amafaranga yo mu Buhindi angana na 108.477 vy’ama dorari) bategetswe kuriha abareze uwo mwana hamwe n’amafaraga y’imanza.
”Twaraterereje tubicishije mu gusaba amafaranga make make ku badushigikira ku mbuga hwaniro none tumaze kuriha miriyoni 5 z’ama rupi. Turi umuryango ubayabaye. Ubu baradutembeje mu kubaho uko bibereye no mu marangamutima, none ubu bagira badutemvye mu buryo bw’amafaranga,” niko avuga.