- Umwanditsi, Na Charley Adams & Lucy Manning
- Igikorwa, BBC News
Umunyamakuru wa BBC c’icamamare atavuzwe izina ahanganye n’ibirego bishasha vyashizwe ahabona n’ikinyamakuru The Sun kivuga ko yahaye amafaranga umuyabaga kugira amurungikire amafoto y’ibiterasoni.
Iki camamare cafotowe cambaye agahuzu ko musi “citeguye kugira ngo umwana wanje agikorere ivyo gishaka”, nk’uko uno muvyeyi yabibwiye iki kinyamakuru.
Ntibiramenyekana imyaka uno muyabaga yari afise, ariko iki kinyamakuru kivuga ko yari afise imyaka 17 igihe uno munyamakuru atangura kumuha amahera.
BBC ivuga ko ifata nka nkama ibirego ivyo ari vyo vyose.
Ibi birego vyatanguye gushirwa ahabona ku wa gatanu n’ikinyamakuru The Sun, bivuga ko uno munyamakuru wa BBC yarishe uno muyabaga amafaranga angana na 35.000 z’amapawundi (twogereranya n’imiriyoni 126 mu mafaranga y’amarundi) mu kiringo c’imyaka itatu, kugira ngo aze aramurungikira amafoto yambaye ubusa.
Nyina w’uno muyabaga yabwiye iki kinyamakuru ko umwana wiwe, ubu afise imyaka 20, yakoresheje aya mafaranga yahawe n’uno munyamakuru mu kugura ibiyayuramutwe vya cocaine.
Avuga ko iyo uyu munyamakuru abandanya amuha amafaranga, umwana wiwe “vyari kumuviramwo urupfu”, nk’uko iki kinyamakuru kivyandika.
Ikinyamakuru The Sun kivuga ko umuryango w’uno muyabaga wituye BBC ku wa 19 z’ukwa gatanu.
Uno muryango uvuga ko wababajwe no kubona uno munyamakuru yagumye aboneka ashikiriza amakuru, ariho waca witura iki kinyamakuru, ariko ukavuga ko ata mahera warondera mu gutanga ino nkuru.
Ku wa gatanu, umuvugizi wa BBC yavuze ati: “Dufata nka nkama ibirego ivyo ari vyo vyose kandi turafise inzira zo kubikemura.
“Muri ino nzira, iyo turonse amakuru asaba ayandi matohoza canke uwundi mwihwezo duca dufata ingingo zo gukora ibi. Zimwe muri izi harimwo kugerageza kuvugana n’abaduhaye amakuru kugira ngo turonke insiguro zimbitse twongere dutahure ingene ibintu bimeze.
“Iyo tutaronse inyishu ku vyo turiko turagerageza canke ngo turonke abandi bantu bashobora kuduha amakuru, ibi birashobora kutugora mu gikorwa cacu, ariko ntibisigura ko amatohoza yacu aca ahagarara.
“Iyo, igihe ico ari co cose, hari amakuru mashasha adushikiriye – harimwo ayavuye mu binyamakuru – duca tuyakorerako uko bitegerezwa twisunze amategeko ngengarugo”.
BBC nta kindi irashikiriza kuri ibi birego kuva isohoye iri tangazo ku wa gatanu.
Ariko ibibazo bikomeye biracahari kuri BBC ku bijanye n’amatohoza yakoze kuva aho uno muryango uvugiye ko wayituye.
Caroline Dinenage, umushingamateka wo mu mugambwe w’aba-Conservateurs akaba arongoye na komite ijejwe imico, ibinyamakuru n’inkino, avuga ati: “Ni nkenerwa ko amakompanyi y’imboneshakure ashiraho uburyo nyabwo n’inzira nyazo kugira ngo ivyamamare vyayo basanzwe bafise inguvu n’ubushobozi birenze ku buzima n’ubuzi bw’abandi, ntibahave babikoresha nabi”.
Avuga ko igisata ca BBC kijejwe abakozi kiriko kiraterwa igitsure kugira ngo “kinyarutse amatohoza kuri ibi birego congere gisigure ivyakozwe kuva iyi nkuru itanguye kumenyekana mu kwa gatanu”.
Imbere y’aha, uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel yavuze ko inyishu itangwa na BBC ari “uruhendo” aca asaba ko hakorwa “amatohoza yimbitse kandi mu muco”, akagiriza iyi kompanyi ko iriko irata isura.
Vyitezwe ko vuba uno munyamakuru adasubira kuboneka ashikiriza amakuru, ariko BBC News ntiramenyeshwa nimba azohagarikwa canke atazohagarikwa vy’agateganyo.
Ikinyamakuru The Sun kivuga ko hazoba amatohoza azokorwa n’umukuru w’umurwi w’igisata ca BBC kijejwe amatohoza wavuganye n’uno muryango, ariko BBC ntiravyemeza.
Kuva iyi nkuru isohotse ubwa mbere mu kinyamakuru The Sun, abanyamakuru bashikiriza amakuru baciye bikora ku mbuga hwaniro bamenyesha ko atari bo bagirizwa ibi, harimwo Rylan Clark, Jeremy Vine, Nicky Campbell na Gary Lineker.
Iki ni igihe kitoroshe kuri bo mu gihe ata ruhara bafise muri ibi birego.