ICO News

Ukraine: Uburusiya bwasambuye ibigega vy’intete ku ruzi Danube – BBC


Ahavuye isanamu, Ukraine Operational Command South

Insiguro y’isanamu,

Amafoto yatanzwe n’ingabo za Ukraine yerekana ibigega vy’intete vyasambuwe muyri Reni

  • Umwanditsi, Robert Greenall
  • Igikorwa, BBC News

Drone z’Uburusiya zateye ibivuko vya Ukraine vyo ku ruzi Danube, zisambura ibigega vy’intete, nk’uko abategetsi b’aho babivuga.

Ivyo bigega biri ku ruzi rugabura Ukraine n’igihugu ca Romania gisanzwe kiri mu muryango OTAN.

Danube ni inzira ikomeye cane icamwo ibicuruzwa biva muri Ukraine kuva Uburusiya bwivanye mu masezerano yatuma ishobora gushora hanze ingano, ibigori n’ibindi bicuruzwa biciye mu Kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea).

Harasambuwe kandi ikigega c’intete mu mu gisagara ca Odesa kiri ku kivuko, ubu gisigaye gisa n’igiterwa buri ijoro. Abategetsi bavuga ko amatoni arenga 60.000 y’intete yasambuwe mu ndwi iheze.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.