ICO News

Ubwo imfungurwa wihereza yoba ifise ingaruka kw’irondoka ryawe? – BBC


Ahavuye isanamu, Getty Images

  • Umwanditsi, Na Jessica Mudditt
  • Igikorwa, BBC News

Imfungurwa nyazo wihereza zoba zishobora kukwongerereza amahirwe yo kuvyara umwana? Ng’ibi ibizwi.

Uravye ibiyago ivyo ari vyo vyose ku mbuga ngurukanabumenyi bijanye n’irondoka, kimwe mu bintu nyamukuru biyagwako cane gishobora kuba ari ikijanye n’ico wofungura kugira ngo ugire amahirwe menshi yo gusama. Hampande y’ingaburo zamamazwa ko zongereza amahirwe y’irondoka, hari n’izindi mfungurwa zitari nke zifatwa ko zifasha kugira ngo ushobore gusama imbanyi imere neza.

Muri ivyo vyose bivugwa bikamamazwa, ni ibihe vyemezo bifadika vy’imfungurwa kanaka zofatwa kugira zongereze ubushobozi bw’irondoka ku gitsinagabo canke ku gitsinagore, be no gushigikira umwana ari mu nda kugira ngo amere neza?

Mu gutangura, iyo abantu bavuze ibijanye no gushigikira imbanyi n’umwana ari mu nda, imfungurwa zimwe zimwe zirashobora koko kugira ico zihindura – nk’akarorero icunyunyu kizwi nka acide folique/ folic acid.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.