Umurwi Rayon Sports uvuga ko watandukanye n’uwari umukinyi kizigenza wawo, umusatirizi w’Umunye-Congo Héritier Nzinga Luvumbu.
Rayon Sports ivuga ko ico cemezo cashitsweko “ku bwumvikane bw’impande zompi”, ariko bibaye inyuma y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda, FERWAFA, rihanishije Luvumbu guhagarikwa amezi atandatu kubera ‘ikimenyetso ca politike’ mu kibuga.
FERWAFA ivuga ko Luvumbu – yashitse bwa mbere muri Rayon Sports mu 2021 – yarenze ku mategeko y’inyifato mu kibuga c’umupira w’amaguru.
Ntaco Luvumbu arashikiriza ku mugaragaro.
imbere y’aha, FERWAFA yibukije ko ibimenyetso vya politike bihushanye n’amategeko nshingiro n’ay’inyifato ya FERWAFA, CAF na FIFA.
Mu rukino rwo mw’ihiganwa rya Primus National League, ruheruka rwahuza umurwi wa Rayon Sports FC na Police FC, uwo mukinyi akomoka mu gihugu ca Congo, yakoze ikimenyetso gifatwa nk’ica politike inyuma yo kwinjiza igitsindo.
Ivyo vyatumye benshi mu Rwanda baca baja ku mbuga hwaniro biyamiriza iyo nyifato y’uwo mukinyi babonye nk’agasomborotso.
Ico kimenyetso catanguye kugaragara ubwa mbere ku bakinyi b’umurwi nserukiragihuru wa Republika ya Demokrasi ya Congo aho bari mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika giheruka kurangira muri Côte d’Ivoire.
Cagaragaye kuri ba rurangiranwa batandukanye b’abanye-Congo ku mafoto bashize ku mbuga hwaniro.
Mw’itangazo, FERWAFA yagize iti: “Komisiyo yigenga ishinzwe inyitato muri FERWAFA, inyuma y’inama yayo yemeje ko Héritier Nzinga Luvumbu ahanishwa guhagarikwa amezi atandatu mu bikorwa vyose vy’umupira w’amaguru mu Rwanda.”
Iryo tangazo rirabandanya riti: “Tuboneyeho kubandanya duhimiriza abanyamuryango gukurikirana ko amategeko n’amabwiriza yose agenga umupira w’amaguru mu Rwanda yubahirizwa”.
Ico kimenyetso ni ikihe?
Ico kimenyetso Luvumbu yagirizwa gukora kikamukwegera ibi bibazo, yagikoze mu kwigina amaze kwinjiza igitsindo umurwi Police FC.
Cagaragaye ubwa mbere ku bakinyi ba Congo mu gikombe ca Afrika giheruka muri Côte d’Ivoire, aho bari mw’isekeza ryo guhamagarira amakungu kwitaho amahano abanyagihugu bariko barabonera mu buseruko bw’igihugu cabo kubera intambara hagati y’umugwi M23 n’ingabo za Congo, FARDC.
Congo ifata Urwanda nk’igihugu gishigikiye vyeruye M23, bikaba vyaranavuzwe mu vyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu, ibintu ariko Urwanda ruhakana.
Mu gukora ico kimenyetso umuntu ashira ikiganza kimwe ku munwa, mu kwerekana agacerere, intoke zibiri z’ikindi kiganza zigatumbera mu musaya, mu gusigura ko abantu bariko baricwa atacamira.
Ku wa mbere, Rayon Sports yamenyesheje ko “yitandukanyije n’inyifato mbi ya Héritier Luvumbu Nzinga”, ariko ntaco irashikiriza ku gihano yafatiwe co guhagarikwa amezi atandatu. Luvumbu nawe nyene ntaco arashikiriza kuri ico gihano.
Mu kwezi k’umunani umwaka uheze nibwo Rayon Sports yahaye Luvumbu ayandi masezerano y’umwaka umwe akinira uyu murwi, uvugwa kugira abafana ba mbere benshi mu Rwanda.