ICO News

Mu nama i Bujumbura Tshisekedi yongeye kwagiriza u Rwanda gufasha M23 – BBC


Ahavuye isanamu, PRESIDENCE RDC/Twitter

Insiguro y’isanamu,

Prezida wa DR Congo Félix Tshisekedi ubwo yashika i Bujumbura uyu munsi

Kuri uwu wa gatandatu, Uburundi bwakiriye inama idasanzwe igira 11 ihuza abakuru b’ibihugu n’ama reta, yihweza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro, umutekano n’imigenderanire kuri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo no ku karere.

Abakuru b’ibihugu n’amareta 13 ari muri uwo mugambi, baganiriye ahanini ku kibazo cerekeye amahoro n’umutekano mu buseruko bwa DR Congo.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yaciye agenwa mu mabanga yo guhagararira uwo mugambi. Yasubiriye Félix Tshisekedi wa DR Congo yari amaze amezi 15 awuramutswa.

Mw’ijambo yashikirije, Prezida Tshisekedi, ata kurya umunwa, yavuze ko Urwanda ari rwo rutera umudugararo mu gihugu ciwe.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.