ICO News

Kuba ingabo za France zivuye muri Niger bisigura iki kuri ico gihugu? – BBC


Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu,

Harabaye imyiyerekano y’urutavanako i Niamye isaba abasirikare b’Ubufaransa gukura meze

  • Umwanditsi, Yusuf Akinpelu
  • Igikorwa, West Africa Journalist

Ubufaransa bwabanje kwijijanya imitima igihe bwavuga ko bushobora gukura abasirikare babwo 1.500 muri Niger, inyuma y’amezi yo kudacana uwaka hagati y’ico gihugu n’akagwi k’abasirikare kigaruriye ubutegetsi mu kwezi kw’indwi.

Perezida Emmanuel Macron avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera igisirikare kiri ku butegetsi muri Niger “kitakirajwe ishinga no kugwanya iterabwoba” mu gihe bakigize ingwati prezida Mohamed Bazoum, yemera ko ari we “mutegetsi wenyene” yemewe n’amategeko.

Harabaye ukwinubwa gukomeye ku Bufaransa kuva Bazoum akuwe ku butegetsi. Abari mu myiyerekano barugarije ikigo ca gisirikare c’Ubufaransa hamwe n’ubuserukizi bwabwo i Niamey ku mugwa mukuru.

Macron kandi yaratewe igitsure mu gihugu ciwe. Inama nshingamateka yaraganiriye ku kibazo co kumenya nimba ico gihugu kitakwiye kwihweza bushasha ibikorwa vyaco mu karere ka Sahel.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.