ICO News

Kremlin yagiriza Ukraine kugerageza kugandagura Putin – BBC


Insiguro ya video,

Video y’Uburusiya iriko irakwirakwira inyuma y’aho Kremlin ivugiye ko yatewe

Uburusiya buvuga ko bwakoroye drone zibiri zari zitumbereye Kremlin (ikirimba c’umukuru w’igihugu mu Burusiya) i Moscou mw’ijoro ryakeye hanyuma bwagiriza Ukraine kugerageza kugandagura prezida Vladimir Putin.

Amasanamu ya video atarahinyuzwa atembera ku mbuga hwaniro aboneka yerekana ikintu kiguruka hejuru ya Kremlin imbere y’uko giturika.

Ukraine yavuze ko ataho ihuriye n’ico gitero ca drone.

Umuvugizi wa prezida Volodymyr Zelensky yavuze ko Ukraine ishimikiye ku kubohoza ubutaka bwayo kuva Uburusiya buteye mu mwaka uheze.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.