ICO News

Intambara ziriko zirabica bigacika mu karere ka Amhara muri Ethiopia – BBC


  • Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal
  • Igikorwa, BBC News, Addis Ababa

Intambara zirabandanya kwongerekana mu karere karangwamwo umutekano muke ka Amhara muri Ethiopia hagati y’imigwi y’aho yitwaje ibigwanisho n’igisirikare.

Ababa mu bisagara binini vy’ako karere, umugwa mukuru Bahir Dar n’igisagara kizwi cane ca Gondar, bavuga ko hariko harabera imishamirano ikaze.

Abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’ibimenyeshamakuru bifitaniye ubucuti n’abagwanyi bemeza ko bigaruriye ibice bimwe vy’igisagara ca Baher Dar, ariko bakavuga ko hari abasirikare benshi mu micungararo y’ikibuga c’indege kiri muri ico gisagara hamwe n’imboneshakure y’igihugu.

Ingendo z’indege zo ku bibuga vy’indege vyo muri ako karere, harimwo ica Lalibela, kirimwo amasengero rurangiranwa, zahagaritswe.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.