ICO News

Imvo n'Imvano ku buzima bubandanya buzima mu Burundi – BBC


Insiguro y’amajwi,

Imvo n’imvano ku buzima bubandanya buzimba mu Burundi

Mu kiganiro imvo n’imvano c’uyu musi, tuganira ku kibazo c’ubuzima bubandanya kuzimba mu Burundi, aho ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa nk’ibifungurwa vyaduze cane ku rugero rutari bwigere rubaho mu Burundi.

Ibiharuro ibanki y’igihugu yasohoye mu ntango y’iyi ndwi vyerekana ko hagati y’ukwezi kwa 12 mu 2021 n’ukwa 12 mu 2022, n’ukuvuga mu kiringo c’umwaka umwe gusa, ibiciro vy’ibifungurwa hamwe n’ibindi bintu vya nkenerwa vyiyongereye ku bice birenga 26 kw’ijana.

Kugira umuntu abitahure neza, dutanze nk’akarorero ku kungene ibintu vyaduze ibiciro, n’ubwa mbere mu Burundi ikilo c’ibiharage gishitse ku 3000. Ni n’ubwa mbere umuceri ushitse ku bihumbi 4500 ku kilo.

Abahinga muvyo ubutunzi bavuga ko vyavuye ku mpamvu zitandukanye. Nko ku bifungurwa, bavuga ko igituma vyaduze ibiciro vyoba vyaturutse kw’ihindagurika ry’ibihe, aho usanga nk’imvura itaguye neza. Ku bindi bintu vya nkenerwa ngo vyavuye ku bintu bitandukanye harimwo ibura ry’amafaranga y’agaciro, igitoro n’intambara iriko irabera mu gihugu ca Ukraine.



READ SOURCE

Readers Also Like:  Tapbit Cryptocurrency Trading Platform Enhances User Experience ... - Digital Journal

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.