Ahavuye isanamu, PA Media
Gianluigi yatwaye igikombe c’isi n’Ubutariyano mu 2006, ibikombe 10 vyo muri Serie A na Juventus na Ligue 1 na Paris St-Germain
- Umwanditsi, Victoire Eyoum
- Igikorwa, BBC Sport Africa
Gufata ikiruhuko c’izabukuru kwa Gianluigi Buffon ku myaka 45 kurangije ubuzima bw’inkino bwaranzwe no gutwara ibikombe vyinshi mu Butariyano vyose hamwe 176 hamwe no gukina kenshi kurusha abandi bose muri Serie A (icicaro ca mbere) ku nkino zose hamwe 657 muri shampiyona.
Ibintu vyashobora kuba vyagenze ukundi iyo Buffon atarorera ingene Cameroun ikina igihe Ubutariyano bwakira inkino z’igikombe c’isi co mu 1990.
Ico gihe, Buffon yari afise imyaka 12 kandi yakina hagati yifuza kwinjiza ibitsindo aho kubizibira.
Ariko ivyo vyose vyaciye bihinduka aho aboneye umunyegori wa Cameroun Thomas N’Kono.