ICO News

Burundi – Esther Kamatari: ''Tutazi iyo twavuye…ayo mahoro ntayo tuzoronka'' – BBC


Ahavuye isanamu, Ntare House/Facebook

Insiguro y’isanamu,

Esther Kamatari (i bubamfu) yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye muri Rusama

Umuganwakazi Esther Kamatari avuga ko Abarundi bakwiye kumenya akaranga kabo, bamenye iyo Uburundi bwavuye n’ingene igihugu cabo cabayeho kugira baronke amahoro.

”Kuba ambassadeur ni umutumwa w’igihugu. Mugabo kuba ‘ambassadeur itinérant’ ni ukuvuga si igihugu kimwe canke bibiri ujamwo. Ni ibihugu vyose kw’isi yose utumwe n’umukuru w’igihugu n’igihugu userukiye”, niko Kamatari asigura amabanga yaronse mu kiganiro yagiranye na BBC Gahuzamiryango.

Izina rya Esther Kamatari w’imyaka 71 rirazwi cane. Yarabaye umunyamideri rurangiranwa mu bihugu vy’i Buraya -iyo asanzwe aba kuva kera. Arazwi no mu bikorwa vy’ubugiraneza mu Burundi aho yagiye arazana imfashanyo zitandukanye akanatanguza umugambi w’uko urugo rwose rwokwakira umwana rurera mu gufasha abana ba ntahonikora canke b’impfuvyi.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.