ICO News

Brazil yashize ku ruhande Antony wa Manchester United yagirizwa gukubita uwari umukunzi wiwe – BBC


Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu,

Gushika ubu, Antony amaze gukinira Manchester United inkino zine muri uno mwaka w’inkino

Brezili yahevye gukinisha umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United Antony inyuma y’aho uwahoze ari umukunzi wiwe amwagirije ko yamukubaguye.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Brezili rivuga ko uno mukinyi w’imyaka 23 yashizwe ku ruhande mu murwi nserukiragihugu inyuma y’aho “ivyemezo bikeneye gukorwako amatohoza bigiriye ahabona”.

Ejo ku wa mbere, ikinyamakuru UOL co muri Brezili cashize ku mugaragaro ibirego vy’uno yahoze ari umukunzi wa Anthony.

Igipolisi muri Sao Paulo n’ico muri Greater Manchester biriko birakora amatohoza kuri ibi birego vyiyamirizwa n’uno mukinyi.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.