ICO News

Amatora ya Nigeria 2023: Guharura amajwi birabandanya ariko kumenya ivyayavuyemwo bishobora gufata imisi – BBC


Ahavuye isanamu, BB/Gift Ufuoma

Bariko baraharura amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Nigeria, amatora ya mbere yari yegeranye cane kuva intwaro za gisirikare zirangiye mu 1999.

Biboneka ko yitabiriwe ku rugero runini, aho urwaruka rwinshi, abenshi bakaba ari bwo bwa mbere bari batoye, bashitse mu gaturuturu kugira ngo bashobore gutora.

Amatora y’ejo ku wa gatandatu yaranzwe n’ugutangura atevye ku biro vy’amatora, aho hamwe havugwa abantu bivye udusandugu tw’amatora ahandi naho abitwaje ibirwanisho bagatera.

Imigambwe imwe imwe iridoga ko habaye utunenge dukomeye, ibishobora gutuma ivyahavuyemwo bitemerwa.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.